8 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: “Haracasigaye umugabo umwe twocishako mu gusiguza Yehova+; mugabo jewe ndamwanka+, kuko atabūra ibintu vyiza ku binyerekeye atari ibibi+, na we akaba ari Mikaya mwene Imula.” Ariko Yehoshafati avuga ati: “Umwami yoye kuvuga ikintu nk’ico+.”