22 Na we ati: “Ni amahoro. Databuja+ ubwiwe antumye+ ngo: ‘Ehe ubu nyene ngendewe n’imisore ibiri yo mu karere k’imisozi ka Efurayimu, yo mu bahungu b’abahanuzi+. Ndakwinginze ubahe italanto y’ifeza n’impuzu zo gukuranya zibiri+.’”
9 Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo+ no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi+, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+.