ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 25:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Abigayili+ aca arihuta, afata imikate amajana abiri be n’imibindi mininiminini ibiri y’umuvinyu+ n’intama zitanu ziteguwe+, n’ingero za seya* zitanu z’intete zikaranze+ n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+ n’udutsima amajana abiri tw’insukoni zafyonzwe zikegerana+, abishira ku ndogobwa.

  • Imigani 19:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+, kandi ivyo akoze azobimwishura+.

  • Imigani 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Uw’ijisho ryiza azohezagirwa, kuko yahaye umuntu mutoyi ku bifungurwa vyiwe+.

  • Ivyakozwe 9:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Mugabo i Yopa+ hari umwigishwa yitwa Tabita, rikaba risobanura ngo: Doruka. Yari agwije ibikorwa vyiza+, agafasha cane aboro.

  • Abanyefeso 4:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Uwiba ntiyongere kwiba+, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza+, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno+.

  • 1 Timoteyo 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 ahubwo bibe mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko batinya Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza+.

  • Abaheburayo 13:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza+ be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika