1 Samweli 2:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ntimuvuge menshi mubigiranye ubwibone bwinshi gutyo,Ntihagire ikintu akanwa kanyu kavugana ugushirukanya+,Kuko Yehova ari Imana y’ubumenyi+,Kandi ibikorwa arabigera ata karenganyo+. 1 Samweli 16:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.” Imigani 24:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+? Luka 16:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ku bw’ivyo, ababwira ati: “Mwebwe muriyita abagororotsi imbere y’abantu+, mugabo Imana irazi imitima yanyu+; kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+.
3 Ntimuvuge menshi mubigiranye ubwibone bwinshi gutyo,Ntihagire ikintu akanwa kanyu kavugana ugushirukanya+,Kuko Yehova ari Imana y’ubumenyi+,Kandi ibikorwa arabigera ata karenganyo+.
7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.”
12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+?
15 Ku bw’ivyo, ababwira ati: “Mwebwe muriyita abagororotsi imbere y’abantu+, mugabo Imana irazi imitima yanyu+; kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+.