ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Ntimuvuge menshi mubigiranye ubwibone bwinshi gutyo,

      Ntihagire ikintu akanwa kanyu kavugana ugushirukanya+,

      Kuko Yehova ari Imana y’ubumenyi+,

      Kandi ibikorwa arabigera ata karenganyo+.

  • 1 Samweli 16:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.”

  • Imigani 24:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+?

  • Luka 16:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ku bw’ivyo, ababwira ati: “Mwebwe muriyita abagororotsi imbere y’abantu+, mugabo Imana irazi imitima yanyu+; kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika