Gusubira mu vyagezwe 17:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+. 2 Samweli 23:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe+,Kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje+. 1 Abami 3:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Nuko Isirayeli yose yumva iyo ngingo y’ubutungane+ umwami yari yashikirije; maze baratinya kubera umwami+, kuko babona yuko ubukerebutsi+ bw’Imana bwari muri we, kugira ashitse ingingo y’ubutungane. Zaburi 72:1 Bibiliya y’isi nshasha 72 Ewe Mana, nuhe umwami ingingo zawe z’ubutungane+,Uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+.
18 Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+.
28 Nuko Isirayeli yose yumva iyo ngingo y’ubutungane+ umwami yari yashikirije; maze baratinya kubera umwami+, kuko babona yuko ubukerebutsi+ bw’Imana bwari muri we, kugira ashitse ingingo y’ubutungane.