Itanguriro 27:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Ariko Esawu abikira akazikira Yakobo kubera umuhezagiro se wiwe yari yamuhezagiye+, kandi Esawu aguma avuga mu mutima wiwe+ ati: “Imisi y’ikiringo co kugandarira dawe iriko iregereza+. Inyuma y’aho, nzokwica Yakobo mwene wacu+.” 2 Samweli 13:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nuko Abusalomu ntiyagira ico avugana na Amunoni, ari kibi canke ciza; kuko Abusalomu yanka+ Amunoni kubera yari yaratetereje Tamari mushikiwe. 1 Abami 2:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Umwami Salomo aca arahira Yehova ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, Adoniya niyaba atavuze ico kintu ku bwo gushira mu kaga ubuzima bwiwe+.
41 Ariko Esawu abikira akazikira Yakobo kubera umuhezagiro se wiwe yari yamuhezagiye+, kandi Esawu aguma avuga mu mutima wiwe+ ati: “Imisi y’ikiringo co kugandarira dawe iriko iregereza+. Inyuma y’aho, nzokwica Yakobo mwene wacu+.”
22 Nuko Abusalomu ntiyagira ico avugana na Amunoni, ari kibi canke ciza; kuko Abusalomu yanka+ Amunoni kubera yari yaratetereje Tamari mushikiwe.
23 Umwami Salomo aca arahira Yehova ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, Adoniya niyaba atavuze ico kintu ku bwo gushira mu kaga ubuzima bwiwe+.