Itanguriro 34:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Bene Yakobo bakimara kuvyumva, baraza bavuye mu gahinga; maze abo bagabo barababara, barashavura cane+, kuko yari yakoreye ubusazi bw’agaterasoni Isirayeli mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kandi ata kintu nk’ico gikwiye kugirwa+. Abalewi 19:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “‘Ntukankire mwene wanyu mu mutima wawe+. Uko bigenda kwose, ukwiye gukangira mugenzawe+, kugira ntusangire na we igicumuro. Imigani 18:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Umuvukanyi agabitanijweko aruta igisagara gikomeye+; kandi hariho amahane ameze nk’igihindizo c’umunara wo kubamwo+. Imigani 26:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Umwankanyi yiyoberanisha iminwa yiwe, mugabo imbere muri we ashirayo ubuhendanyi+. Abanyefeso 4:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Murake, yamara ntimucumure+; izuba ntirirenge mugishavuye+, 1 Yohani 3:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+.
7 Bene Yakobo bakimara kuvyumva, baraza bavuye mu gahinga; maze abo bagabo barababara, barashavura cane+, kuko yari yakoreye ubusazi bw’agaterasoni Isirayeli mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kandi ata kintu nk’ico gikwiye kugirwa+.
17 “‘Ntukankire mwene wanyu mu mutima wawe+. Uko bigenda kwose, ukwiye gukangira mugenzawe+, kugira ntusangire na we igicumuro.
19 Umuvukanyi agabitanijweko aruta igisagara gikomeye+; kandi hariho amahane ameze nk’igihindizo c’umunara wo kubamwo+.
15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+.