Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.” Yobu 10:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ndakwinginze wibuke ko wankoze mw’ibumba+Kandi ko mu mukungugu ari ho uzonsubiza+. Yobu 34:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ibiri n’umubiri vyose bizocikanira hamwe,Kandi umuntu yakuwe mw’ivu azosubira mu mukungugu+. Zaburi 104:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,Bigasubira mu mukungugu wavyo+. Umusiguzi 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+. Daniyeli 12:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi benshi mu basinziriye mu butaka bazokwikangura+, bamwe bikangurire ubuzima bw’igihe kitagira urugero+, abandi na bo bikangurire umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero+.
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”
29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,Bigasubira mu mukungugu wavyo+.
2 Kandi benshi mu basinziriye mu butaka bazokwikangura+, bamwe bikangurire ubuzima bw’igihe kitagira urugero+, abandi na bo bikangurire umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero+.