Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.” Zaburi 146:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Impwemu yiwe irasohoka+, agasubira mu butaka bwiwe+;Uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera+. Umusiguzi 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Vyose bija ahantu hamwe+. Vyose vyavuye mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+.
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”