Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.” Zaburi 90:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Utuma umuntu buntu asubira mu mukungugu+,Ukavuga uti: “Nimusubireyo, mwebwe bana b’abantu+.” Umusiguzi 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Vyose bija ahantu hamwe+. Vyose vyavuye mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+. Umusiguzi 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+.
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”