Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.” Zaburi 104:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,Bigasubira mu mukungugu wavyo+. Zaburi 146:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Impwemu yiwe irasohoka+, agasubira mu butaka bwiwe+;Uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera+. Umusiguzi 12:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+.
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”
29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,Bigasubira mu mukungugu wavyo+.