Zaburi 37:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Umubisha aragurana ntiyishure+,Mugabo umugororotsi agira impuhwe kandi agatanga ingabirano+. Luka 6:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako+.” Ivyakozwe 4:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Vyongeye, abantu indiri bari bemeye bari bahuje umutima n’inama+, kandi nta n’umwe yavuga yuko hari ico mu vyo atunze cari rwiwe; mugabo bari basangiye vyose+. 2 Abakorinto 9:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo+ canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe+. 1 Timoteyo 6:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 ubategeke gukora ivyiza+, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza+, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi+,
38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako+.”
32 Vyongeye, abantu indiri bari bemeye bari bahuje umutima n’inama+, kandi nta n’umwe yavuga yuko hari ico mu vyo atunze cari rwiwe; mugabo bari basangiye vyose+.
7 Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo+ canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe+.
18 ubategeke gukora ivyiza+, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza+, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi+,