ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 7:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ivyinjira birinjira, ikigabo n’ikigore vy’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri, nk’uko Imana yari yamutegetse. Inyuma y’ivyo Yehova yugara umuryango inyuma yiwe+.

  • Kuvayo 12:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Muze mukore agakama ka ezobu+, mugakoze muri ya maraso ari mw’ibesani, mumije makeyi ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri. Nta n’umwe muri mwebwe akwiye gusohoka hanze y’ubwinjiriro bw’inzu yiwe gushika mu gitondo.

  • Zaburi 32:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Uri ubwihisho bwanje; uzonzigama unkize amarushwa+.

      Uzonkikuza akamo k’umunezero, ako umuntu yiha iyo arokowe+. Sela.

  • Zaburi 91:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Azozibira inzira ishika aho uri akoresheje amubi yiwe+,

      Kandi uzohungira munsi y’amababa yiwe+.

      Ukuri kwiwe+ kuzoba inkinzo yagutse+ n’ikibambazi.

  • Imigani 18:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika