10 “Muri ivyabona vyanje+,” ni ko Yehova avuze, “mbere umusavyi wanje natoye+, kugira ngo mumenye+ kandi munyizere+, no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene+. Imbere yanje nta Mana yabumbwe+, kandi inyuma yanje nta yigeze ihaba+.
7 Ni nde ameze nkanje+? Nasemerere, kugira abihishure, abinshikirize+. Kuva igihe nagena abantu bo mu gihe ca kera+, ibigira bize be n’ibizoshika nibabihishure bo ubwabo.