6 “Ibi ni vyo Yehova avuze, wa Mwami wa Isirayeli+ n’Umucunguzi wiwe+, Yehova nyen’ingabo: ‘Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+, kandi uretse jewe nta Mana iriho+.
16 Kuko uri Data+; naho Aburahamu yoba atatumenye, na Isirayeli ntatwemere, wewe, ewe Yehova, uri Data. Umucunguzi wacu wo kuva kera, ni ryo zina ryawe+.