5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
19 Nya mucamanza apfuye, baca bahindukira bakikwegera guhona kuruta ba se mu gukurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+. Ntibareka ingeso zabo n’inyifato yabo y’akagagazo+.