ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Gusubira mu vyagezwe 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Abacamanza 2:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Nya mucamanza apfuye, baca bahindukira bakikwegera guhona kuruta ba se mu gukurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+. Ntibareka ingeso zabo n’inyifato yabo y’akagagazo+.

  • 2 Ngoma 25:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo Amaziya agarutse avuye gusasika Abanyedomu, aza rero azanye imana+ za bene Seyiri araheza azīshiriraho ngo zimubere imana+; atangura kuzunamira+, atangura no kuzifumbishiriza umwotsi w’ibimazi+.

  • Habakuki 2:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “‘Aragowe uwubwira ikigegene c’igiti ngo: “Ikangure!”, akabwira ibuye ry’ikiragi ngo: “Vyuka! Ubwaryo rizotanga inyigisho+”! Ehe rikuyengejeko inzahabu n’ifeza+, kandi nta mpemu na nkeyi ziri muri ryo+.

  • Ivyahishuwe 9:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika