ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 1:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema+ mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore+.

  • Itanguriro 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu+ w’ubutaka+ araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima+, maze nya muntu aba umuntu* muzima+.

  • Itanguriro 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ibarema ari umugabo n’umugore+. Maze irabahezagira, ibita Umuntu+ ku musi baremwa+.

  • Gusubira mu vyagezwe 4:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 “Ubu rero, ndakwinginze, nubaze ivyerekeye imisi ya kera+ y’imbere yawe, kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi+, no kuva ku mpera imwe y’amajuru gushika ku yindi: Hari ikintu na kimwe gikomeye cabaye kimeze nk’ico, canke ikintu cumvikanye kimeze nka co+?

  • Zaburi 139:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.

      Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,

      Kandi umutima wanje urabizi neza cane+.

  • Yeremiya 27:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 ‘Ni jewe nakoze isi+, abantu+ n’ibikoko+ biri ku buringanire bw’isi nkoresheje ububasha bwanje bukomeye+ n’ukuboko kwanje kuramvuye+; kandi nayihaye uwo nabonye ko bibereye mu maso yanje kuyiha+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika