ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 102:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Kera washinze imishinge y’isi+,

      Kandi amajuru ni igikorwa c’amaboko yawe+.

  • Zaburi 115:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Muri abahezagiwe na Yehova+,

      Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.

  • Zaburi 146:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+,

      W’ikiyaga, be n’uw’ibiri muri vyo vyose+,

      Umwe agumya ukuri gushika igihe kitagira urugero+,

  • Yesaya 44:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi+ wawe n’Umubumvyi wawe kuva ukiri mu nda: “Jewe, Yehova, ndiko nkora vyose, nkaramvura amajuru+ jenyene, ngasasa isi+. Ni nde twari kumwe?

  • Yesaya 45:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Jewe narakoze isi+, ndarema n’umuntu kuri yo+. Jewe—amaboko yanje ni yo yaramvuye amajuru+, kandi nategetse ingabo zayo zose+.”

  • Yeremiya 51:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Muturi wa Yakobo ntameze nk’ivyo bintu+, kuko ari we Mubumvyi yabumvye ibintu vyose+, egome, inkoni y’intoranwa yiwe+. Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika