Yesaya 27:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Udushami twiwe nitwuma, abagore bazoza bazotuvuna, batudomeke+. Kuko atari igisata gifise ugutegera gukarishe+. Ni co gituma Uwagihinguye ata mbabazi azokigirira, kandi Umubumvyi waco nta butoni azokigirira+. Yeremiya 8:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mbere n’agasoza mu kirere—karazi neza ibihe vyako vyashinzwe+; intunguru+ n’intamba n’ikirogorye—birubahiriza neza kimwekimwe cose igihe caco co gushika. Mugabo abantu banje bo ntibazi urubanza rwa Yehova+.”’ Hoseya 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Abantu banje bazonumishwa koko, kuko ata bumenyi buhari+. Ko wewe wataye ubumenyi+, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi+; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe+, nanje rero nzokwibagira abana bawe+. Luka 19:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”
11 Udushami twiwe nitwuma, abagore bazoza bazotuvuna, batudomeke+. Kuko atari igisata gifise ugutegera gukarishe+. Ni co gituma Uwagihinguye ata mbabazi azokigirira, kandi Umubumvyi waco nta butoni azokigirira+.
7 Mbere n’agasoza mu kirere—karazi neza ibihe vyako vyashinzwe+; intunguru+ n’intamba n’ikirogorye—birubahiriza neza kimwekimwe cose igihe caco co gushika. Mugabo abantu banje bo ntibazi urubanza rwa Yehova+.”’
6 Abantu banje bazonumishwa koko, kuko ata bumenyi buhari+. Ko wewe wataye ubumenyi+, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi+; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe+, nanje rero nzokwibagira abana bawe+.
44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”