ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 8:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abasavyi bawe, egome, c’abantu bawe Isirayeli, kuko ubigisha+ inzira nziza bakwiye kugenderamwo+; kandi uze utange imvura+ ku gihugu cawe wahaye abantu bawe ngo kibabere intoranwa.

  • Zaburi 25:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Yehova ameze neza kandi aragororotse+.

      Ni co gituma yigisha inzira abacumuzi+.

  • Yesaya 30:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kandi Yehova azobaha koko umukate w’amarushwa be n’amazi y’agahahazo+; yamara Umwigisha wawe Ahambaye ntazokwongera kwinyegeza, kandi amaso yawe azoba vy’ukuri amaso abona Umwigisha wawe Ahambaye+.

  • Yesaya 54:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+.

  • Mika 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo+; izotwigisha inzira zayo+, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika