Imigani 16:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu+, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu+. Imigani 21:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Inzira yose y’umuntu iragororotse mu maso yiwe+, mugabo Yehova aragera imitima+. Daniyeli 4:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 “None ubu, jewe Nebukadinezari ndashemeza Umwami w’amajuru+, nkamushira hejuru kandi nkamuninahaza, kubera ko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri, n’inzira ziwe zikaba ari ubutungane+, no kubera ko ashoboye gutetereza abagendera mu bwishime+.” Hoseya 14:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni nde ari inkerebutsi ngo ategere ivyo bintu+? Ni nde w’ubwenge ngo abimenye+? Kuko inzira za Yehova zigororotse+; abagororotsi ni bo bazozigenderamwo+, ariko abagabitanya bazozitsitaramwo+.
37 “None ubu, jewe Nebukadinezari ndashemeza Umwami w’amajuru+, nkamushira hejuru kandi nkamuninahaza, kubera ko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri, n’inzira ziwe zikaba ari ubutungane+, no kubera ko ashoboye gutetereza abagendera mu bwishime+.”
9 Ni nde ari inkerebutsi ngo ategere ivyo bintu+? Ni nde w’ubwenge ngo abimenye+? Kuko inzira za Yehova zigororotse+; abagororotsi ni bo bazozigenderamwo+, ariko abagabitanya bazozitsitaramwo+.