9 Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona isinzi rinini+ ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose+ n’imiryango yose n’ibisata vyose+ n’indimi zose+, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami+ n’imbere ya wa Mwagazi w’intama, bambaye amakanzu yera+; kandi mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi+.