Gusubira mu vyagezwe 30:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+. 1 Abami 11:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 Nzotetereza uruvyaro rwa Dawidi kubera ivyo+, mugabo atari imisi yose+.’” Zaburi 30:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+. Yesaya 12:1 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kandi kuri uwo musi+ ntuzobura kuvuga uti: “Nzogukengurukira, ewe Yehova, kuko naho wandurumbiye ishavu, ishavu ryawe ryahavuye risubira inyuma+, urampoza+. Yesaya 54:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Naguhevye buhere akanya gatoyi+, mugabo nzokwegeraniriza hamwe mbigiranye imbabazi nyinshi+.
3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.
5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+.
12 Kandi kuri uwo musi+ ntuzobura kuvuga uti: “Nzogukengurukira, ewe Yehova, kuko naho wandurumbiye ishavu, ishavu ryawe ryahavuye risubira inyuma+, urampoza+.