Yobu 34:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako. Zaburi 18:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, mu maso yiwe+. Zaburi 62:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 N’ubuntu bwuzuye urukundo ni rwawe, ewe Yehova+,Kuko wewe ubwawe wishura umwe wese ibihuye n’igikorwa ciwe+. Yeremiya 17:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Jewe Yehova nsesa umutima+, ngasuzuma amafyigo+, egome, kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+. Matayo 16:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Kuko Umwana w’umuntu abwirizwa kuzoza mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika biwe; maze azohemba umwe wese ibihuye n’inyifato yiwe+. Abaroma 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:
11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.
24 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, mu maso yiwe+.
12 N’ubuntu bwuzuye urukundo ni rwawe, ewe Yehova+,Kuko wewe ubwawe wishura umwe wese ibihuye n’igikorwa ciwe+.
10 Jewe Yehova nsesa umutima+, ngasuzuma amafyigo+, egome, kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+.
27 Kuko Umwana w’umuntu abwirizwa kuzoza mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika biwe; maze azohemba umwe wese ibihuye n’inyifato yiwe+.