ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 36:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nuko aduza umwami w’Abakaludaya+ ngo abatere, uno na we atangura kwicisha inkota+ imisore yabo mu nzu y’aheranda habo+, ntiyumvira impuhwe umusore canke umwigeme w’isugi, umutama canke umusaza bukokori+. Imana itanga ikintu cose mu kuboko kwiwe.

  • Yesaya 49:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo: “Yehova yarampevye+, Yehova ubwiwe yaranyibagiye+.”

  • Yeremiya 30:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Kuko nzotuma usubirana, kandi nzogukiza inguma zawe+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko bakwise umugore yirukanywe+, bati: ‘Ni Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+.’”

  • Yeremiya 33:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Aha hantu, aho muzoba muvuga ko ari igiharabuga kitagiramwo umuntu n’igitungwa, mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu vyacitse umusaka+, bitagiramwo umuntu n’uwuhaba n’igitungwa, hazosubira kwumvikana+

  • Gucura intimba 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Inzira za Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.

      Amarembo yiwe yose bayagize umusaka+; abaherezi biwe baraniha+.

      Abigeme biwe b’isugi bishwe n’intuntu, na we ubwiwe afise umururazi+.

  • Abagalatiya 4:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuko vyanditswe ngo: “Nezerwa wa mugore w’ingumba utavyara; turikisha usemerere, wa mugore utagira ububabare bw’ukwibaruka; kuko abana b’umugore w’intabwa ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika