Gusubira mu vyagezwe 29:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Maze bazovuga ngo: ‘Ni kubera bataye isezerano+ rya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiranye na bo igihe yabakura mu gihugu ca Misiri+. 1 Ngoma 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+. Yesaya 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Riragowe ihanga ry’iricumuzi+, abantu buzuye amakosa, uruvyaro rukora ikibi+, abana b’abononyi+! Barahevye Yehova+, ntibubashe wa Mweranda wa Isirayeli+, basubiye inyuma+.
25 Maze bazovuga ngo: ‘Ni kubera bataye isezerano+ rya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiranye na bo igihe yabakura mu gihugu ca Misiri+.
9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.
4 Riragowe ihanga ry’iricumuzi+, abantu buzuye amakosa, uruvyaro rukora ikibi+, abana b’abononyi+! Barahevye Yehova+, ntibubashe wa Mweranda wa Isirayeli+, basubiye inyuma+.