Ezira 10:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ubu rero, tugirane isezerano+ n’Imana yacu ryo kwirukana+ abagore bose n’abavutse kuri bo, dukurikije impanuro ya Yehova n’iy’abajugumira+ kubera ibwirizwa+ ry’Imana yacu, kugira ngo bigirwe hisunzwe itegeko+. Yesaya 66:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 “Ibi bintu vyose rero ukuboko kwanje kwarabikoze, ku buryo ivyo vyose vyabayeho+,” ni ko Yehova avuze. “Uyu rero ni we nzokwitegereza: umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima+, ajugumizwa n’ijambo ryanje+. Yeremiya 36:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Bakimara kwumva nya majambo yose, barabana bafise ubwoba, maze babwira Baruki bati: “Turabwira ata kabuza umwami ayo majambo yose+.” Habakuki 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje+; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa+ ntekanye, igihe uzodugira abantu+ kugira ubatere.
3 Ubu rero, tugirane isezerano+ n’Imana yacu ryo kwirukana+ abagore bose n’abavutse kuri bo, dukurikije impanuro ya Yehova n’iy’abajugumira+ kubera ibwirizwa+ ry’Imana yacu, kugira ngo bigirwe hisunzwe itegeko+.
2 “Ibi bintu vyose rero ukuboko kwanje kwarabikoze, ku buryo ivyo vyose vyabayeho+,” ni ko Yehova avuze. “Uyu rero ni we nzokwitegereza: umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima+, ajugumizwa n’ijambo ryanje+.
16 Bakimara kwumva nya majambo yose, barabana bafise ubwoba, maze babwira Baruki bati: “Turabwira ata kabuza umwami ayo majambo yose+.”
16 Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje+; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa+ ntekanye, igihe uzodugira abantu+ kugira ubatere.