ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 32:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Nuko Yehova arungika umumarayika+, azimanganya abagabo bose b’intwari kandi b’abanyenkomezi+, n’indongozi n’abakuru mw’ikambi y’umwami wa Ashuri+, ku buryo asubira mu gihugu ciwe n’ibimaramare mu maso. Mu nyuma yinjira mu nzu y’imana yiwe, maze ng’aho bamwe mu bo yari yarivyariye bamwicisha inkota+.

  • Yesaya 30:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Kandi igihe cose akubise inkoni yiwe y’uguhana, iyo Yehova azorambika kuri Ashuri, hazovuga utugoma n’inanga+; kandi vy’ukuri azobarwanisha urugamba rw’ukubangura ibirwanisho+.

  • Yesaya 37:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Hanyuma umumarayika+ wa Yehova arasohoka maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu mw’ikambi y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo, erega, basanga bose bapfuye, ari imivyimba+.

  • Mika 7:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Umwansi wanje azobibona yicwe n’ibimaramare+, umwe yahora ambwira ngo: “Ari hehe Yehova Imana yawe+?” Amaso yanje azomwitegereza+. Ubu rero azocika ahantu ho guhonyanga, nk’urwondo rwo mu mabarabara+.

  • Nahumu 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Uwuzokubona wese azoguhunga+, avuge koko ati: ‘Ninewe yanyazwe! Ni nde azosangira na we umubabaro?’ Mbega abo kuguhoza nzobaronderera hehe?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika