ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 8:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi nibababwira ngo: “Nimwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke abafise impwemu y’ukubura ibizoba bajwigira+ bongera bavuga ibintu n’ijwi ritoyi,” mbega igisata ico ari co cose ntigikwiye kwitura Imana yaco+? Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima+?

  • Yesaya 44:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Mpindura ubusa ibimenyetso vy’abavuga amajambo agaragara, kandi ndi Umwe atuma abaraguzi bakora nk’abasazi+; Umwe asubiza inyuma abantu b’inkerebutsi, n’Umwe ahindura ubumenyi bwabo ubupfu+;

  • Ivyakozwe 16:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Maze tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, umusukukazi umwe arimwo impwemu+, idayimoni* y’ukuragura+, aradusanganira. Yahora aronsa ba shebuja inyungu nyinshi+ mu kuragura.

  • Ivyahishuwe 18:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kandi nta muco w’itara uzokwigera wongera gukayangana iwawe, kandi nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+; kuko abadandaza b’ingenzi+ bawe bari bo bantu bo ku rwego rwo hejuru+ bo kw’isi, kuko amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bwawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika