20 “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+.
2 Kandi niwarahira+ koko uti: ‘Ndahiye ukubaho kwa Yehova, mu kuri+, mu butungane no mu bugororotsi+!’, amahanga azoheza rero yiheshe koko umuhezagiro muri we, kandi ni we azokwirata+.”