ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 11:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Inyuma y’ivyo Tera afata Aburamu umuhungu wiwe na Loti umuhungu wa Harani, umwuzukuru wiwe+, na Sarayi+ umukazana wiwe, umugore wa Aburamu umuhungu wiwe, baraheza bajana na we bavuye i Uri h’Abakaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani+. Mu nyuma bashika i Harani+ maze babayo.

  • Yesaya 13:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Babiloni, ca kirezi c’ubwami+, bwa bwiza bw’ubwishime bw’Abakaludaya+, itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+.

  • Yesaya 47:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Manuka wicare mu mukungugu+, ewe mukobwa w’isugi wa Babiloni+! Icara hasi ahatagira intebe y’ubwami+, ewe mukobwa w’Abakaludaya+! Kuko batazokwongera kukwita uworohewe n’uwadibamye+.

  • Habakuki 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko ehe ngira mpagurutse Abakaludaya+, ihanga ry’inkazi kandi ry’irihurudutsi rija mu bibanza vyagutse vy’isi kugira ngo ryigarurire ingo zitari izaryo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika