ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Raba ngushinze igikorwa uyu musi co kuba hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami+, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure+, wubake kandi uteragire+.”

  • Yeremiya 12:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ibi ni vyo Yehova avuze ku babanyi banje bose babi+, abakora ku ntoranwa nagabiye abantu banje, egome Isirayeli+: “Ehe ngira ndabarandure ku butaka bwabo+; kandi inzu ya Yuda nzoyirandura hagati muri bo+.

  • Yeremiya 25:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 ehe ngira ntume intumwa, kandi nzotora imiryango yose yo mu buraruko+,” ni ko Yehova avuze, “egome, ngira ntume kuri Nebukadirezari umwami wa Babiloni, umusavyi wanje+, maze nzobazana batere iki gihugu+ n’abakibamwo n’aya mahanga yose ari irya n’ino+; kandi nzobatikiza ndabagire akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa+ n’ahantu hatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.

  • Yeremiya 45:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ico nubatse ngira ndagisambure, kandi ico nateye ngira ndakirandure, ni ukuvuga igihugu cose+.

  • Amosi 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Raba! Amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura+, kandi azobuzimanganya koko ku buringanire bw’ubutaka+. Yamara rero, sinzozimanganya buhere inzu ya Yakobo+,’ ni ko Yehova avuze.

  • Yona 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Amaherezo Yona yinjira muri nya gisagara, agenda urugendo rw’umusi umwe, aguma atangaza ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe ikarandurwa+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika