ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 106:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+,

      Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+.

  • Yeremiya 26:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Hari aho bokwumviriza maze bagahindukira, umwe wese akava mu nzira yiwe mbi+, nanje sinzobura kwicuza ku bijanye n’ivyago niyumvira kubashitsako kubera ububi bw’ibikorwa vyabo+.

  • Yoweli 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+.

  • Yona 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.

  • Yona 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ku bw’ivyo asenga Yehova ati: “Ewe Yehova, none si co cari kindaje ishinga nkiri ku butaka bwacu? Ni co catumye nca mpungira i Tarushishi+; kuko nari nzi ko uri Imana y’inyempuhwe n’inyembabazi+, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+, yicuza ku bijanye n’ivyago+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika