Zaburi 35:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera+,Kandi umumarayika wa Yehova abakurikirane. Zaburi 73:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ni ukuri, ahanyerera ni ho ubashira+.Watumye bahinduka ibihomvagurike+. Imigani 4:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Inzira y’ababisha imeze nk’umuzimagiza+; ntibazi ico baguma batsitarako+. Yeremiya 13:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+.
16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu+, atarazana umwiza+, n’ibirenge vyanyu bitaratsitaranako ku misozi buhwibiriye+. Muzokwizigira kuronka umuco+, na we atume koko uba igitutu kizitanye+; azowuhindura umuzimagiza w’umuzitanya+.