ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 24:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Atwara mu bunyagano+ Yeruzalemu yose, n’abaganwa bose+, n’abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari bose+​—⁠atwara mu bunyagano ibihumbi cumi⁠—​be n’umuhinguzi w’utugenegene+ wese, n’umwubatsi w’ibibambazi wese. Nta wasigaye kiretse abantu batobato+ bo mu banyagihugu.

  • Yeremiya 24:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nuko Yehova aranyereka, maze mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova, inyuma y’aho Nebukadirezari umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, n’abaganwa ba Yuda n’abahinguzi b’utugenegene+ n’abubatsi b’ibibambazi, abakuye i Yeruzalemu kugira ngo abajane i Babiloni+.

  • Yeremiya 29:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Aya ni yo majambo y’ikete Yeremiya umuhanuzi yarungitse ari i Yeruzalemu, arirungikiye amasigarira y’abagabo b’inararibonye b’abajanywe ari inyagano, n’abaherezi, n’abahanuzi, n’abantu bose, abo Nebukadinezari yari yaratwaye mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu+,

  • Daniyeli 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze umwami abwira Ashipenazi umukozi wiwe mukuru wo ku kirimba+ ngo azane bamwe muri bene Isirayeli n’abo mu nda y’ingoma be n’abo mu banyacubahiro+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika