Gusubira mu vyagezwe 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kuko, ni ihanga+ rikomeye irihe rifise imana hafi yaryo nk’uko Yehova Imana yacu ari igihe cose tumwambaje+? Zaburi 50:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Numpamagare ku musi w’amarushwa+.Nzogutabara, nawe uzoninahaza+.” Zaburi 91:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Azonyambaza, nanje ndamwishure+.Nzobana na we mu marushwa+.Nzomutabara, ndamuninahaze+. Yesaya 55:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nimurondere Yehova umwanya agishobora kuboneka+. Nimumuhamagare umwanya akiri hafi+. Yeremiya 29:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza+.’
7 Kuko, ni ihanga+ rikomeye irihe rifise imana hafi yaryo nk’uko Yehova Imana yacu ari igihe cose tumwambaje+?