5 uko bavuga bati: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese muri mwebwe ave mu nzira yiwe mbi no mu bubi bw’ibikorwa vyiwe+, maze mubandanye kuba ku butaka Yehova yabahaye mwe na ba sogokuruza banyu kuva kera gushika igihe kirekire kizoza+.
4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’
“‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.