ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 Nzoboreza imyampi yanje amaraso+,

      Inkota yanje na yo irye inyama+,

      Iborerwe amaraso y’abagandaguwe n’ay’imbohe,

      Iborerwe imitwe y’indongozi z’umwansi+.’

  • Yesaya 34:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yehova arafise inkota; itegerezwa kwuzuzwa amaraso+; itegerezwa gukíma kubera ikinure, kubera amaraso y’impfizi z’intama z’imikangara n’amasuguru y’impene, kubera ikinure+ c’amafyigo y’impfizi z’intama. Kuko Yehova afise ikimazi i Bozira, n’ikeragura rikomeye mu gihugu ca Edomu+.

  • Ezekiyeli 39:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Bwira inyoni z’amababa y’ubwoko bwose be n’ibikoko vyose vyo mu gahinga+, uti: “Nimwikoranirize hamwe, muze. Nimwiyegeranirize hamwe muvuye impande zose, muze ku kimazi canje nshikanye ku bwanyu, ikimazi gihambaye ku misozi ya Isirayeli+. Kandi koko muzorya inyama, munywe n’amaraso+.

  • Zefaniya 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ceceka imbere y’Umukama Segaba Yehova+; kuko umusi wa Yehova uri hafi+, kuko Yehova yateguye ikimazi+; yejeje+ abatumire biwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika