18 Igihe bashishikara kugenda baciye mu gahinga, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’igihugu ca Mowabu, ku buryo bagenda berekeza mu burasirazuba bw’igihugu ca Mowabu+ baraheza bakambika mu karere ka Arunoni; ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko Arunoni yari rwo rubibe rwa Mowabu+.