11 Kuko Ogi, umwami wa Bashani, ari we gusa yasigaye mu masigarira y’Abarefayimu+. Mbere inderuzo yiwe yari iy’icuma. Mbega ntiri i Raba+ ha bene Amoni? Uburebure bwayo ni amatambwe* icenda, ubwaguke bwayo na bwo amatambwe ane, kw’itambwe ry’umugabo.
5 Kandi i Raba+ nzohagira itongo ry’uburagiriro ry’ingamiya, bene Amoni na bo ndabagire aho umukuku uruhukira+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.”’”
14 Nanje nzokwanda umuriro uruhome rw’i Raba+, urigate iminara yaho yo kubamwo, bibe havuga ikimenyetso c’ukugabisha ku musi w’urugamba, hahuhuta igihuhusi ku musi w’umuyaga w’ikirura+.