ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 13:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Nta wuzokwigera ahaba+, eka ntizogira aho iba, uko iyaruka rikurikira irindi+. Umwarabu ntazohashinga ihema, kandi nta bungere bazohavyagiza imikuku.

  • Yeremiya 25:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “‘Maze imyaka mirongo irindwi niyakwira+, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kubera ikosa ryabo, egome, ngire ico mbaza igihugu c’Abakaludaya+, kandi nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero+.

  • Yeremiya 51:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Ibisagara vyiwe bicitse akajoreza, igihugu kigadutse n’ikiyaya c’ubugaragwa+. Ivyo bisagara, uko ari igihugu, nta muntu azobibamwo, kandi nta mwana w’umuntu azobicamwo+.

  • Yeremiya 51:64
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 64 Maze uze uvuge uti: ‘Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka kubera ivyago ngira ndamuteze+; kandi bazokwiruhisha ata kabuza+.’”

      Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika