ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse kugenderamwo+. Bihinguriye igishushanyo c’inyana y’icuma gishongeshejwe, kandi baguma bacunamira bongera bagishikanira ibimazi, bavuga ngo: ‘Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri+.’”

  • Nehemiya 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “Ariko bo, egome, ba sogokuruza bacu, baritaye imbere+ maze bakomantaza izosi+, ntibumviriza amabwirizwa yawe.

  • Zaburi 81:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mugabo abantu banje ntibumvirije ijwi ryanje+;

      Kandi Isirayeli ntiyanyeretse na gato umutima ukunze+.

  • Yeremiya 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bagumye bagendera umwe wese mu kagagazo k’umutima wiwe mubi+; ni co catumye ndabazanako amajambo yose y’iri sezerano nari narabategetse gushitsa mugabo ntibayashitsa.’”

  • Ezekiyeli 20:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘“Nuko batangura kungarariza+, ntibemera kunyumviriza. Ntibashiburira kure, umwumwe wese muri bo, ibintu bisesemye vy’amaso yabo, ntibaheba ibigirwamana vy’umwanda vya Misiri+, ku buryo nsezerana kubasukako ubushangashirwe bwanje, kugira ngo ndabarangirizeko ishavu ryanje hagati mu gihugu ca Misiri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika