ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Hanyuma Yosuwa avuga ati: “Iki ni co muzomenyerako yuko Imana nzima iri hagati muri mwebwe+, be n’uko izokwirukana ata kabuza imbere yanyu Abanyakanani n’Abaheti n’Abahiwi n’Abaperizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi+.

  • Daniyeli 6:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Hatanzwe itegeko rivuye imbere yanje+, yuko mu karere ako ari ko kose kaganzwa n’ubwami bwanje, abantu bakwiye kujugumira no gutinya imbere y’Imana ya Daniyeli+. Kuko ari yo Mana nzima, ari na Yo yamaho gushika ibihe bitagira urugero+; kandi ubwami bwayo+ ntibuzosenyurwa+, n’inganji yayo ni iy’ibihe bidahera+.

  • Yohani 6:57
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 57 Nk’uko Data muzima+ yantumye, nanje nkaba ndiho kubera Data, n’uwundya, na we nyene azobaho kubera jewe+.

  • 2 Abakorinto 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”

  • 1 Abatesalonika 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twinjiye iwanyu ari bwo bwa mbere be n’ingene mwahindukiriye Imana mugaheba ibigirwamana+ vyanyu kugira ngo mushumbire ya Mana nzima+ kandi y’ukuri+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika