Yeremiya 23:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Ni co gituma inzira yabo izobabera nk’ahantu hanyerera+ mu muzimagiza; bazohenurirwayo bagwe ata kabuza+.” “Kuko nzobazanako icago, umwaka bazokwitabwaho+,” ni ko Yehova avuze. Yeremiya 46:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Ikigeretseko, abasoda biwe b’abacangero hagati muri we bameze nk’inyana zadoheshejwe+. Mugabo na bo nyene basubiye inyuma+; bahungiye icarimwe. Ntibananye+. Kuko umusi w’icago cabo uje kuri bo, igihe c’uko ivyabo vyitabwaho+.’ Mika 7:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Uwumeze neza kuruta abandi bose muri bo ameze nk’igihandambwa, uwugororotse kuruta abandi bose muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa+. Umusi w’inderetsi zawe, umusi wo kukwitaho, uzoza ata kabuza+. Ubu rero bazozazanirwa+. Luka 19:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”
12 “Ni co gituma inzira yabo izobabera nk’ahantu hanyerera+ mu muzimagiza; bazohenurirwayo bagwe ata kabuza+.” “Kuko nzobazanako icago, umwaka bazokwitabwaho+,” ni ko Yehova avuze.
21 Ikigeretseko, abasoda biwe b’abacangero hagati muri we bameze nk’inyana zadoheshejwe+. Mugabo na bo nyene basubiye inyuma+; bahungiye icarimwe. Ntibananye+. Kuko umusi w’icago cabo uje kuri bo, igihe c’uko ivyabo vyitabwaho+.’
4 Uwumeze neza kuruta abandi bose muri bo ameze nk’igihandambwa, uwugororotse kuruta abandi bose muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa+. Umusi w’inderetsi zawe, umusi wo kukwitaho, uzoza ata kabuza+. Ubu rero bazozazanirwa+.
44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”