Imigani 1:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Ico gihe bazoguma bampamagara, mugabo sinzokwitaba+; bazoguma bandondera, mugabo ntibazondonka+, Yesaya 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+. Yesaya 58:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “‘Kubera iki twisonzesheje ntubibone+, tukibabaza+ ntuvyiteho+?’ “Vy’ukuri, mwahimbarwa n’umusi w’ukwisonzesha kwanyu, igihe mwahindagiza ku bikorwa abakozi banyu bose bacumukura+. Yeremiya 11:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira ndabazaneko ivyago+ batazoshobora kuvamwo+; bazontabaza koko, mugabo sinzobumviriza+. Ezekiyeli 8:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nanje rero nzogira ico nkoze mu bushangashirwe+. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, eka nta n’impuhwe nzogira+. Kandi ntibazobura gusemerera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, mugabo sinzobumva+.” Zakariya 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “‘Nk’uko rero nahamagaye ntibumvirize+, ni ko na bo bagiye barahamagara sinumvirize+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+.
3 “‘Kubera iki twisonzesheje ntubibone+, tukibabaza+ ntuvyiteho+?’ “Vy’ukuri, mwahimbarwa n’umusi w’ukwisonzesha kwanyu, igihe mwahindagiza ku bikorwa abakozi banyu bose bacumukura+.
11 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira ndabazaneko ivyago+ batazoshobora kuvamwo+; bazontabaza koko, mugabo sinzobumviriza+.
18 Nanje rero nzogira ico nkoze mu bushangashirwe+. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, eka nta n’impuhwe nzogira+. Kandi ntibazobura gusemerera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, mugabo sinzobumva+.”
13 “‘Nk’uko rero nahamagaye ntibumvirize+, ni ko na bo bagiye barahamagara sinumvirize+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.