ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 77:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Mbega Yehova azoguma ashibura gushika igihe kitagira urugero+,

      Ntiyongere gushimishwa+?

  • Zaburi 94:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,

      Eka ntazota intoranwa yiwe+.

  • Yeremiya 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Genda utangaze aya majambo mu buraruko+ uti:

      “‘“Nugaruke, ewe Isirayeli w’umuhemu,” ni ko Yehova avuze+.’ ‘“Sinzobarabana ishavu+, kuko ndi intahemuka+,” ni ko Yehova avuze.’ ‘“Sinzogumana inzika gushika igihe kitagira urugero+.

  • Yeremiya 31:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Ibi ni vyo Yehova avuze: “‘Nimba amajuru yo hejuru yoshobora kugerwa, n’imishinge y’isi munsi igashobora guserangurwa+, nanje rero noshobora guta uruvyaro rwa Isirayeli rwose kubera ivyo bakoze vyose+,’ ni ko Yehova avuze.”

  • Yeremiya 32:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Nzogirana na bo isezerano ryamaho gushika igihe kitagira urugero+, yuko ntazohindukira ngo mve inyuma yabo, kugira ngo ndabagirire iciza+; kandi nzoshira mu mutima wabo ukuntinya kugira ngo ntibakevye ngo bamveko+.

  • Mika 7:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Ni iyihe Mana imeze nkawe+, iharira ikosa ikirengagiza ukugabitanya+ kw’amasigarira y’intoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe bidahera, kuko uhimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika