ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 137:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Ewe Yehova, ibuka+ ku biraba abana ba Edomu+ wa musi wa Yeruzalemu+,

      Bamwe bavuga ngo: “Hakobe! Hakobe gushika no ku mushinge waho+!”

  • Yesaya 34:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Kuko mu majuru inkota+ yanje izojobekwa koko. Raba! Izomanuka kuri Edomu+, no ku bantu nahebeye gutikizwa+ mu butungane.

  • Ezekiyeli 25:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nanje nzoramvurira ukuboko kwanje kuri Edomu+, ndaharandure icitwa umuntu n’igitungwa+, ndahagire ikibanza catikijwe kuva i Temani+ gushika n’i Dedani+. Bazogwishwa n’inkota.

  • Ezekiyeli 35:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nk’uko wagize umunezero ku bijanye n’intoranwa y’inzu ya Isirayeli kubera ko yagizwe umusaka, ni ko nyene nzokugira+. Uzocika igiharabuga, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose, yose uko ingana+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”

  • Amosi 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Edomu+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko yakurikiranye mwene wabo bwite n’inkota+, no kubera ko yononye kamere ziwe bwite z’imbabazi+, n’ishavu ryiwe rikaguma ritabagura ibihe bidahera; uburake bwiwe na bwo yabugumanye ibihe vyose+.

  • Obadiya 13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ntiwari ukwiye kwinjira mw’irembo ry’abantu banje ku musi w’icago cabo+. Egome, wewe ntiwari ukwiye kwihweza amakuba yiwe ku musi w’icago ciwe; kandi ntiwari ukwiye gutuma ukuboko kwawe ku butunzi bwiwe ku musi w’icago ciwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika