ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko umuriro wadometswe mw’ishavu ryanje+

      Kandi uzoturira gushika mu kuzimu*, ahantu h’ibwina+,

      Kandi uzoyigiza isi n’umwimbu wayo+

      Kandi uzotongora imishinge y’imisozi+.

  • 2 Abami 25:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze aturira inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ n’amazu yose y’i Yeruzalemu+; aturiza umuriro n’inzu y’umuntu ahambaye wese+.

  • Zaburi 89:46
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 46 Uzogeza ryari ga Yehova kuguma wihishije? Igihe cose+?

      Mbega ubushangashirwe bwawe buzoguma bururumba nk’umuriro+?

  • Yesaya 42:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Ku bw’ico yagumye amusukako ubushangashirwe, ishavu ryiwe, n’inkomezi z’intambara+. Kandi vyagumye bimuyigiza irya n’ino+, mugabo ntiyagize ico yitaho+; kandi vyagumye bimururumbira, mugabo nta na kimwe yashira ku mutima+.

  • Yeremiya 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nimwigenyereshe ku bwa Yehova, kandi mugenyere imitima yanyu+, yemwe bagabo ba Yuda namwe ababa i Yeruzalemu; kugira ngo ubushangashirwe bwanje ntibupfunduke nk’umuriro, bukaka koko ata wo kubuzimya, kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu+.”

  • Yeremiya 7:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ishavu ryanje n’ubushangashirwe bwanje bigira bisukwe aha hantu+, ku muntu no ku gitungwa, no ku giti co mw’ishamba+ no ku vyamwa vy’ubutaka; buzokwaka, kandi ntibuzozima+.’

  • Gucura intimba 4:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yehova yimaze ishavu+. Yasutse ubushangashirwe bwiwe bururumba+.

      Adomeka umuriro muri Siyoni, ukarigata imishinge yaho+.

  • Abaheburayo 12:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kuko Imana yacu ari kandi umuriro uyigiza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika