ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+.

  • Zaburi 21:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Uzobagira nk’itanure ry’umuriro ku gihe cashinzwe c’uko ubiraba+.

      Yehova mw’ishavu ryiwe azobamira, kandi umuriro uzobarigata+.

  • Yesaya 30:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kuko Tofeti+ yiwe itunganijwe kuva mu bihe vya vuba; vyongeye irateguriwe umwami ubwiwe+. Ikirundo cayo yakigize kirekire. Umuriro n’inkwi birahari ku bwinshi. Impemu za Yehova zirayirurumbira, nk’uruzi rw’isumo rw’amazuku+.

  • Yeremiya 21:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ewe nzu ya Dawidi+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Buri gitondo+ nimuce imanza mu butungane+, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga+, kugira ngo ubushangashirwe bwanje ntibusohoke nk’umuriro+ maze bugaturira koko, ata muntu n’umwe wo kubuzimya, kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu+.”’

  • Ezekiyeli 22:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Nk’uko begeraniriza ifeza n’umujumpu n’icuma+ n’ubutare bw’isǎsu n’ubutare bw’ibati hagati mw’itanure, kugira ngo bihuhirweko+ umuriro ngo biyazwe+, ni ko nzobegeraniriza hamwe, mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje, kandi nzohuha ndabayaze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika