ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 36:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nuko aduza umwami w’Abakaludaya+ ngo abatere, uno na we atangura kwicisha inkota+ imisore yabo mu nzu y’aheranda habo+, ntiyumvira impuhwe umusore canke umwigeme w’isugi, umutama canke umusaza bukokori+. Imana itanga ikintu cose mu kuboko kwiwe.

  • Yeremiya 6:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nsigaye nuzuye ubushangashirwe bwa Yehova. Ndambiwe no kwigumya+.”

      “Busuke ku mwana ari mw’ibarabara+ no ku mugwi w’abagenzi somambike w’abasore icarimwe; kuko na bo nyene bazofatwa, umugabo hamwe n’umugore wiwe, umutama hamwe n’uwugeze mu zabukuru+.

  • Yeremiya 9:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko urupfu ruduze rugaca mu madirisha yacu; rwinjiye mu minara yacu yo kubamwo, kugira ngo rurandure umwana mw’ibarabara, rurandure n’umusore mu bibanza vya bose+.’

  • Ezekiyeli 23:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Nzokwerekanira kuri wewe ishaka ryanje+, kandi bazokurwanya bashangashiwe+. Bazogukura izuru n’amatwi, amasigarira yawe na yo agwishwe n’inkota. Bazotwara+ abahungu bawe n’abakobwa bawe+, amasigarira yawe na yo arigatwe n’umuriro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika